Inzu z'abatavuga rumwe na reta zatewe muri Uganda

Ibintu vyibazwa ko ari gerenade vyakoreshejwe mu gutera inzu z'abashingamateka babiri batavuga rumwe na reta muri Uganda, umwe muri bo akaba ari umuririmvyi Bobi Wine, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Daily Monitor muri ico gihugu.

Igipolisi ubu bariko bararondera abagize ivyo bitero ku muhana wa Bobi Wine, izina ryiwe bwite ari Robert Kyagulanyi, yatowe mu karere ka Kyaddondo y'uburengero na Allan Ssewanya yatowe w'akarere ka Makindye y'uburengero.

Ivyo bitero vyose vyabaye kare ku musi wa kabiri.

Mu ndwi iheze, haravuzwe ikindi gitero ku nzu y'uwundi mushingamateka Moses Kasibante yatowe mu karere ka Rubaga y'uburaruko.

Mu butumwa yacishije kuri facebook, Bobi Wine yavuze ko ata muntu n'umwe yakomerekeye ku muhana iwe.

Yavuze ko buri musi aterwa ubwoba ko azokwica.

Ikinyamakuru ca New Vision kivuga ko abashingamateka batewe ari bamwe mu birukanywe mu nama nshingamateka bivuye ku matati igihe bariko barahariraku ngingo yo gufuta imyaka ntarengwa y'uwushaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.