Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Abantu indwi bari mu myiyerekano bapfunzwe
Niburiburi abantu indwi batawe muri yompi mu gihugu ca Uganda, bafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza integuro y'itegeko rishaka gukura imyaka umukuru w'igihugu asabwa kuba atoba arenza igihe yitoza.
Muri kino gihe uwushaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu asabwa kutarenza imyaka 75.
Ukwo guhindura amategeko y'ibwirizwa shingiro, vyotuma Prezida Yoweri Museveni asubira kwitoza mu 2021.
Imyaka ya Prezida iraharigwako cane ariko Wikipedia ikavuga ko afise 73.
Ishirahamwe ry'urwaruka "The Alternative" ryateguye iyo myiyerekano, ryavuze kw'ibiro vyabo vyabomowe n'abasirikare hamwe n'abapolisi mw'ijoro riheze.
Rivuga ko ibikoresho nka mudasobwa ngendanwa "laptops" na mudasobwa zisanzwe hamwe n'ibindi bikoresho vyatwawe, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga w'i Kampala yavuze.