Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yabujije ibimenyeshamakuru gukurikirana imyiyerekano
Uganda yabujije ibimenyeshamakuru gutangaza inkuru z'ikibiriraho zerekeye imyiyerekano yo kwiyamiriza itorwa rya prezida Yoweri Museveni
Umugambwe utavuga rumwe na reta FDC (Forum for Democratic Change) wahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza prezida Museveni w'imyaka 71 ashaka kwongera gutwara Uganda inyuma y'imyaka 30 amaze ku butegetsi.
Abajejwe umutekano bazungurutse inzu y'umukuru w'uwo mugambwe, Kizza Besigye, yavuze ko amatora yo mu kwezi kwa kabiri yabaye "Agahomerabunwa"
Reta yavuze ko ibimenyeshamakuru bishobora gutakaza uburenganzira bwo gukora igihe yotangaza ivyerekeye iyo myiyerekano.
N'abatangaza inkuru zerekeye iyo myiyerekano ku mbuga ngurukanabumenyi na bo bashobora guhanwa, nk'uko vyamenyeshejwe n'umukuru w'akanama kajejwe itangazamukuru mu gihugu ca Uganda.
mu ndwi iheze, sentare yavuze ko ico abatavuga rumwe na reta bavuga ko ari "imyiyerekano yo kwiyamiriza" ivyavuye mu matora idakurikije amategeko, ariko umugambwe FDC wavuze ko utegerezwa kuzoyikora.