Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Amatora azokogwa naho abatavuga rumwe na Leta batoyitaba
Umushikirizamanza mukuru wa Kenya Githu Muigai yavuze ko amatora ategekanywa itariki 26 ukwezi kwa cumi ategerezwa kuba yatunganijwe imbere y'itariki 1 ukwezi kwa cumi na rimwe naho imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yokwanka kuyitaba.
Uwo mushikirizamanza mukuru yashikirije ayo majambo mu nama n'abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru Nairobi, mu gihe bivugwa ko igihugu gishobora kuja mu ruhagarara rwa politike hageze itariki 1 ukwezi kwa cumi na rimwe ayo matora ataraba.
Sentare Ntahinyuzwa yasavye kw'itariki 1/9/2017 ko amatora ya kabiri akogwa imbere y'itariki 1/11/2017 mu minsi 60.
Bwana Muigai yavuze ko Prezida Uhuru Kenyatta azoguma mu mabanga, asigura ko ayavamwo mushasha yimitswe.
Yavuze no ku vyerekeye urunani rugwanya ubutegetsi NASA rwamenyesheje ko rutazitaba amatora igihe hatoba ibihinduwe mu buryo bwo gutora.
Yavuze ko "ata na hamwe amatora yaburijwemwo ngo nuko hari umukandida yanse kuyitaba".