Kim Jong-un: Tuzotera ibindi bisase mw'ibahari rya pacifique

Akanama ka Onu ijejwe umutekano kw'isiyanebaguye Korea ya ruguru

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Akanama ka Onu ijejwe umutekano kw'isiyanebaguye Korea ya ruguru

Ibimenyeshamakuru vy'ico gihugu vyasubiyemwo kandi igabisha ku butero vy'izinga rya Amerika rya Guam riri mw'ibahari Pacifique bavuga ko ririmwo ikambi ya gisirikare ya Amerika.

Igisase catewe ku musi wa kabiri caciye hejuru y'izinga ry'Ubuyapani rya Hokkaido gituma haba ubwoba bwinshi bw'umutekano, mu gihe abanyagihugu bariko barasabwa kwinyegeza imbere y'uko ico gisase kigwa mw'ibahari.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi kanebaguye inyifato ya Korea ya ruguru.

Mu nama y'ikitaraganya yo ku musi wa kabiri mw'ijoro mu gisagara ca New York, ako kanama kise igeragezwa ry'ico gisase "ububegito" baca basaba ico gihugu guhagarika ubwo ivyo bikorwa.

Ariko nta bindi bihano vyafatiwe Korea ya ruguru.

Njia iliotumiwa na kombora hilo la Korea Kaskazini
Insiguro y'isanamu, Njia iliotumiwa na kombora hilo la Korea Kaskazini