Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero cahitanye 18 muri Burkina Faso
Igitero c'iterabwoba cahitanye abantu 18 mu gihugu ca Burkina Faso abandi 20 barakomereka hagati mu gisagara ca Ouagadougou, umurwa mukuru wa Burkina Faso, niko ubutegetsi bwavuze.
Abantu bafise ibigwanisho bugururiye umuriro ku bakiriya bari bicaye hanze mu kibanza co kwivunamwo umusase, niko ababibonye ngo bavuze.
Muri kino gihe ico gitero carangiye ariko abantu babiri mu bateye bakaba bishwe n'inteko z'umutekano, niko ubutegetsi bwavuze.
Mu mwaka uheze mu kwezi kwa mbere, igitero c'aba jihadistes cahitanye abantu 30 mu bunywero buri hafi yaho.
Abantu bafise ubwoba ko kino gitero gishobora kuba cakozwe n'umugwi ukorana na al-Qaeda ukorera mu karere ka Sahel, niko umumenyeshamakuru wa BBC Alex Duval yavuze.