Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare 11 bishwe n'abarwanyi muri Burkina Faso
Igisirikare muri Burkina Faso kivuga ko abasirikare cumi n'umwe bishwe n'abarwanyi ba ki Islam hafi y'urubibe n'igihugu ca Mali.
Abandi babiri baburiwe irengero, nyuma y'igitero c'abarwanyi bashika ku mirongo ine ku kigo c'abo basirikare.
Abo barwanyi baje mu miduga no ku mapikipiki bitwaje amabendera yirabura.
Abasirikare barungitswe muri ako karere kurinda urubibe rwa Burkina Faso na Mali rutazitiye, aho abarwanyi ba ki Islam bafise ibirindiro.
Mu kwezi kwa mbere abarwanyi ba ki Islam bishe abantu mirongo itatu kw'ihoteli ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou.