Amatohoza ku mupfasoni yambaye ijipo ngufi muri Arabia Saudite

Amatohoza ku mupfasoni yambaye ijipo ngufi muri Arabia Saudite

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu, Amatohoza ku mupfasoni yambaye ijipo ngufi muri Arabia Saudite

Ubutegetsi bwo muri Arabia Saoudite buriko buragira amatohoza ku mupfasoni umwe yakwiragije video ziwe yambaye ijipo ngufi n'agapira kabonerana.

Uwo mupfasoni asanzwe ari umunyamideli yitwa Khulood yakwiragije iyo video imwerekana ariko aratambuka mu kibanza kiranga akahise ca Ushayqir.

Iyo video yateye impari nyinshi n'amajambo akarishe, bamwe basaba ko afatwa bamwagiriza ko yarenze ku mategeko agenga inyambaro muri ico gihugu.

Abandi banyagihugu bo muri Arabia Saudite baramuvuganiye banamushimagiza.

Muri Arabia Saudite, ni itegeko ku bapfasoni ko bambara impuzu zitabegereye cane kandi ndende zitwa "abaya" igihe bagiye ahabona hamwe n'igitambara co mu mutwe.

Kandi ntibarekuriwe gutwara imodoka no kwegera abahungu ata co bapfana.

Muri iyo video yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi ya Snapchat mu mpera z'indwi iheze, Khulood aragaragara ariko aratembera mw'ibarabara ata bantu barimwo muri ico kibanza c'akahise ca Ushayqir, ku birometero 155 mu buraruko uvuiye ku mugwa mukuru Riyadh, mu ntara ya Najd.

Najd ni kimwe mu bisagara bikigendera ku vyakera muri Arabia Saudite.

Ni akarere umwe mubatanguje Wahabi yavukiyemwo mu 1918

Iyo video yarakoreshejwe n'abakoresha urubuga rwa Teitter muri ico gihugu, aho hateranywe amajambo hagati y'abashaka ko Khulood ahanwa n'abandi bavuga ko bakwiye kumureka akambara uko ashaka.