Abdullah Mohammed Al Dawood yahamagariye abantu abicishije ku rubuga rwa twitter, gukorera ihohotera rifatiye ku gitsina abagore bakora mu buzi buri ahagaragara nko kwakira amafaranga kuri za guichets.
Abdullah Mohammed Al Dawood agereranya kureka abo bagore bakaja mu mirimo n'urudandazwa rw'abantu.
Amajana n'amajana y'abishuye kur'ayo majambo yiwe bagaragaje agashavu no kutemeranya n'ivyiyumviro vyiwe, n'ubwo hari hari bake bamushigikiye.
Mu minsi iheze, abagore bo muri Arabia Saudite baherutse kwemererwa gukora mu maduka, ivyo bikaba vyarashavuje abagendera ku vyiyumviro vya kera.