Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CPI: Afrika Yepfo yategerezwa gufata Prezida Omar al-Bashir
Abacamanza bashashe muri sentare y'i La Haye basohoye ingingo ko Afrika Yepfo itakoze ivyo isabwa na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) igihe yankiye gufata Prezida Bashir wa Sudani mu nama iherutse kuba mu myaka ibiri iheze.
Naho iyo ngingo yafashwe ukwo, ntibisigura ko Afrika Yepfo izoca irungikwa mu kanama kajejwe umutekano ka Onu.
Abacamanza bavuze ko bitagikenewe mu gihe urubanza rwerekanye neza ko Prezida Bashir ata budahangagwa afise bwobuza ko akurikiranwa.
Afrika Yepfo ko uruhusha rwa Sentare rutegeka ko Bashir afatwa rudashobora kurengera amategeko y'igihugu avuga ko umukuru w'igihugu ari mu mabanga aba afise ubudahangagwa.
Prezida Bashir yagirizwa ivyaha vy'ihonyabwoko n'ibikoregwa zina muntu mu ndyane zabereye mu ntara ya Darfur muri Sudani -- ivyaha ahakana.