Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ANC ishigikiye ko Afrika Yepfo iva muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha
Umugambwe African National Congress (ANC) uri ku butegetsi muri Afrika Yepfo, wamenyesheje ko utegekanya gukura igihugu muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI).
CPI itegekanya gutangaza ku munsi wa kane niba Afrika Yepfo yararenze amategeko mu kudafata Prezida wa Sudani Omar al Bashir, igihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu 2015.
Prezida Bashir akurikiranwa ku vyaha vy'ihonyabwoko (jenoside) mu ndyane zabaye i Darfur.
Leta ya Afrika Yepfo yatangaje ko ifise umugambi wo kuva muri CPI mu myaka ibiri iheze.
Ivyo vyakurikiye inyifato ya bimwe mu bihugu vya Afrika bidashigikiye iyo sentare, bisigura ko irenganya, igahama uwo mugabane hamwe n'indongozi zawo.
Kuva ico gihe, sentare nkuru ya Afrika Yepfo yasohoye ingingo ko ukwo gushaka kuva muri CPI bitubahirije ibwirizwa shingiro, mu kuba inama nshingamateka itagishijwe inama.
Muri kino gihe, ANC yongeye kuvuga mu nama yayo ku bijanye na politike y'umugambwe, ko itazoheba umugambi wayo wo kuvavanura na CPI.