Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yasavye Uburusiya kudahungabanya Ukraine
Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yasavye Uburusiya guhagarika "guhungabanya" igihugu ca Ukraine n'ibindi bihugu, bugahagarika no gushigikira "ibihugu bibiba urwanko" nka Siriya na Irani.
Avugira ku mugwa mukuru wa Pologne, Varsovie, Bwana Trump yasavye ashimitse Uburusiya "kwinjira mu muryango w'ibihugu bitigira sindabibazwa".
Kremlin yiyamirije ayo majambo yiwe.
Indongozi ya Amerika yitezwe i Hamburg mu nama ya G20, aho ategekanya kubonana na Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya ubwa mbere.
Bwana Trump yakeje Pologne mu kuba igihugu c'akarorero mu guharanira umwidegemvyo ku mugabane wa Buraya.
Pologne, irongowe n'umugambwe w'aba Conservateurs, isangiye ivyiyumviro bimwe na Trump ku bijanye n'abimukira no kugwanira ubusugire bw'igihugu.