Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump: Uburusiya bufise "ingeso yo gukorogana"
Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko ariko araraba ingene yohagarika Uburusiya ku "ngeso yaco yo gukorogana".
Inyuma yo kubonana na mugenzi we w'igihugu ca Pologne, Andrzej Duda, mu rugendo arimwo i Varsovie, yavuze ko Amerika yiyemeje kubumbatira amahoro mu karere k'Uburaya bwa hagati n'ak'ubuseruko.
Yakeje Pologne kuba akarorero mu kuriha intererano yayo mu muryango wo kwivunira hamwe umwansi, OTAN.
Bwana Trump yitezwe gushikiriza ijambo ry'agakura ku migenderanire hagati ya Amerika n'Uburaya, aho ashobora kubaza ikibazo kivugwa cane niba Uburaya bwipfuza kugumaho.
Ku munsi wa gatanu, ategekanya kubonana na Prezida w'Uburusiya , Vladimir Putin, mu Budagi.
Umuvugizi wa Kremlin yiyamirije imvugo ya Trump, ko Uburusiya ari igihugu kidurumbanya ibindi.