Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump ntiyerekanye aho ahagaze kw'ihindagurika ry'ikirere
Umushikiranganji wa mbere w'Ubudage, Angela Merkel, yavuze ko inama kw'ihindagurikira ry'ikirere yari igoye kandi ko ata gishimishije cavuyemwo.
Iyo nama yahuriza mu Butaliyano ibihugu indwi vya mbere bikize kurusha ibindi kw'isi bizwi nka G7, yaheze igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kiterekanye nimba zizoshigikira amasezerano y'i Paris.
Ariko umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yavuze ko yizera ko ubumwe bw'ibindi bihugu indwi kuri ico kibazo, buzotuma Donald Trump abona ko uwo mwumvikano uri no mu nyungu za Amerika.
Bwana Trump yavuze ko azofata icemezo kuri ico kibazo mu ndwi iza.
Iyo nama yumvikanye ku bijanye n'urudandaza, ishimangira ku ciyumviro c'uko hakwiye kurwanywa kwigungirako, ariko kandi inibanda ku ciswe umwitwarariko wa Amerika ku bijanye n'ico yita uburyo butabereye bwo kudandaza.