Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Michel Temer wa Brezil yagirijwe igiturire
Prezida wa Brezil Michel Temer yagirijwe n'umushikirizamanza mukuru wa republika ko yakiriye igiturire.
Yagirizwa kwakira amahera avuye kwa nyene uruganda rukomeye rudandaza inyama ruvugwako ibiturire vyinshi. Temer arahakana ko ata kosa yakoze.
Ivyo yagirizwa vyashikiorijwe umucamanza wa sentare nkuru ubu ategerezwa gufata ingingo yo kwitura inama nshingamateka y'ico gihugu.
Inama nshingamateka ishobora kwemeza canke guhakana ko prezida Temer akurikiranwa.
Prezida yavuzeko azokwerekana ko ari umwere.
Yagumye yagirizwa ibintu vyinshi kuva agiye ku butegetsi mu mwaka uheze, ariko ni ubwa mbere yagirijwe ku mugaragaro .
Iyo ngingo ifashwe inyuma y'aho humvikaniye ijwi ryafashwe aho prezida Temer yumvikana ariko araganira ivyerekeye igiturire na Joesley Batista, umukuru w'uruganda rukomeye ruhingura inyama rwa JBS.
Mu gihe ivyo birego vyoshika mu nama nshingamteka, urunani rushigikiye prezida Temer rwemeza ko rushobora kuronka amajwi akwiye ashika kuri bibi vya gatatu akenewe yo kubuza ko acibwa urubanza.
Ariko vyitezwe ko prezida Temer yagirizwa n'ibindi bintu vyinshi mu ndwi ziri imbere, nk'uko abanyamakuru babivuga.
Prezida Temer ntashigikiwe n'abantu benshi muri Brezil ariko umugambwe wiwe warashoboye gutwara wishimikije urunani bagize.
Imigambwe itavuga rumwe na reta iguma isaba ko avanwa ku butegetsi hagategurwa ayandi matora.