Brezil: Abari mu myiyerekano basaba intwaro ya gisirikare

Abantu amajana n’amajana basaba ko abasirikare bafata ubutegetsi binjiye ku nguvu mu nama nshingamateka ya Brezil ku mugwa mukuru Brasilia.

Abantu boba bashika 40 batanye mu mitwe n’abajejwe umutekano barigarurira ikibanza c’imbere mu gihe hagira hatangure ibikorwa vy’inama nshingamateka ku musi wa gatatu.

Biyamiriza igiturire, basavye ko hogaruka intwaro ya gisirikare, yari muri Brezil kuva mu 1964 gushika mu 1985.

Mu gisagara ca Rio de Janeiro, igipolisi carashe ivyuka bikoroza amosozi mu bakozi ba reta bari mu myiyerekano biyamiriza igabanywa ry’umushahara.

Abari mu myiyerekano barushije inguvu abajejwe umutekano baca babomora urugi rw’ibiyo mu kwinjira mu nama nshingamateka, aho basemerera bavuga “umujeneral ngaha, umujenaral ngaha” baca baririmba indirimbo ihayagiza igihugu.

Vyatwaye amasaha atatu kugira igipolisi kizunguruke abari mu myiyerekano, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.

Baciye bose bahagarikwa.

Mu nyuma, umuvugizi wa prezida Michel Temer, Alexandre Parola, yise iyo myiyerekano “akamaramaza” aca avuga ryari “ihonyangwa ry’amategeko agenga demokrasi.”

“Birateye agahinda kandi ni nko kugabishwa. Turiko turasubira mu bihe vyo kutihanganiranira,” ni ko icegera c’uwurongoye inama nshingamateka Betinho Gomes yavuze.

Icizere ku nzego z’igihugu muri Brezil cagiye kiragabanuka bivuye ku biturire vyanatumye prezida Dilma Rousseff akinjura mu mabanga yiwe.

Temer yari icegera ca Rousseff imbere y’uko amusubirira mu kibanza c’umukuru w’igihugu.