Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Congo yakuye abasirikare bayo muri Centrafrique mu gihe bagirizwa gufata abapfasoni ku nguvu
Igihugu ca Congo-Brazzaville kigiye gutahukana abasirikare baco 600 bari bagiye mu butumwa wo kugarukana amahoro muri Centrafrique, bivuye ko vyo bagirizwa vyo gufata abapfasoni ku nguvu, nk'uko bishikirizwa na Onu.
Isubirizwa ry'abasirikare ba Congo ririmwo ikibazo, nk'uko iryo tangazo ryabivuze.
Abasirikare bari mu rwego rwa Onu ruzwi kw'izina rya Minusca bashika 13.000.
N'abasirikare b'Ubufaransa baragirijwe gukubagura abapfasoni muri Centrafrique. Batandatu barahanaguweko ivyo bagirizwa mu ntango z'uyu mwaka, ariko ayandi matohoza aracabanndanya.
Abasirikare ba Onu bagiye muri Centrafrique mu 2014, igihe hari akajagari inyuma y'iyirukanwa ku butegetsi rya prezida Francois Bozize n'abagwanyi biyitirira idini rya Islam, bituma haduka abandi bagwanyi biyitirira abakristu.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bariciwe mu midurumbanyo yakurikiye, abandi ibihumbi amajana n'amajana bahungira mu bihugu bibanyi