Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CAR: 100 bapfuye ku bwicanyi bushingiye kw'idini
Ubutegetsi bwo muri Repubulika Centrafricaine (CAR), bwavuze ko abantu bashika 100 bishwe mu bwicanyi bushingiye ku madini, bwadutse mu gisagara ca Bria kiri mu busertuko bwa CAR.
Abaharugwa mu macumi bariko baravugwa inguma z'amasasu.
Iyo ngwano yatanguye ku munsi wa kabiri, haheze amasaha leta ipfunditse amasezerano n'imigwi y'inyeshamba.
Ayo makimbirane yabaye hagati y'umugwi ugwiriyemwo abagwanyi b'aba Islamu Seleka, hamwe n'uwugwiriyemwo abakristu Balaka.
Ubwicanyi bwariyongeye muri ano mezi aheze, igisagara ca Bria kikaba caratandukiriwe cane.