Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikibazo c'inzara muri Sudani Yepfo kiriko kirarangira
Ikibazo c'inzara muri Sudani Yepfo kiriko kirarangira ariko imiliyoni z'abanyagihugu baracihebuye, niko icegeranyo c'ishirahamwe mpuzamakungu Onu casohotse kivuga.
Ico cegeranyo kivuga ko atari intara nyinshi zishobora kuvugwamwo amapfa, nkuko vyari vyifashe mu kwezi kwa kabiri.
Kivuga yuko imfashanyo y'abagiraneza yagize uruhara runini mu kugabanya ikeha ry'ibifungugwa, ariko ngo abantu baguma bagwana n'ukuronka ivyo bafungura ku munsi bababa imiliyoni zitandatu.
Sudani Yepfo, igihugu kivutse vuba, kirangwamwo indyane nyinshi kuva cikukiye mu 2011.