Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyeshamba zishe abanyagihugu muri Sudani y'Ubumanuko
Umugwi ukomeye w'inyeshamba wo muri Sudani y'Ubumanuko wagavye igitero co guhwikira kw'ibarabara riva ku mugwa mukuru Juba rija ku rubibe rwa Nimule, wica abantu 40 ku munsi wa kane.
Izo nyeshamba zivuga ko zahiga imiduga itwaye abasirikare ariko umuvugizi w'igipolisi akaba yabwiye BBC ko ari abasivile bane hamwe n'abasirikare cumi bapfuye.
Mu mwaka uheze, haragabwe ibitero nka mwenivyo ku miduga ica kuri iryo barabara.
Iryo barabara ni ngirakamaro ku butunzi bw'igihugu ca Sudani y'Ubumanuko mu gihe rikoreshwa mu kwinjiza ibidandazwa n'ibindi bikoresho muri ico gihugu kidafise umuhora kw'ibahari.