Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jose Mourinho aragirizwa kutariha ikori muri Espagne
Umumenyereza wa Manchester United, Josee Mourinho, yagirizwa kutariha ikori igihe yari mu mugwi wa Real Madrid.
Abakozi bo mu bushikirizamanza mu gihugu ca Espagne bavuga ko yakoze ayo makosa igihe yari umumenyereza w'uwo mugwi.
Yagirizwa kutariha ikori ringana na miliyoni 3.3 z'ama euro, hagati y'umwaka wa 2011 na 2012.
Nta co aravuga kuri ivyo yagirizwa.
Abandi bantu rurangiranwa mu mupira w'amaguru bamaze kwagirizwa kwagirizwa amanyanga mu kuriha ikori muri Espagne ni nk'umukinyi rurangiranwa wa Barcelone Lionel Messi, aho yaciriwe gufungwa amezi 21.
Ariko gushika ubu ntaraja mu mw'ibohero.