Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwongereza: "Igitero c'iterabwoba" ku bantu basenga ku musigiti
Igipolisi c'igihugu c'Ubwongereza cavuze ko ivyo imodoka yakoze mu kwinjira mu bantu bariko barasenga ku musigiti, ko vyofatwa nk'"igitero c'iterabwoba".
Ivyabona bivuga ko umushoferi yagenda avuga ko yipfuza kwica aba Islamu bose.
Umuntu yariko aratabagwa akitswe n'amagara imbere yuko ivyo biba yapfuye -- ariko ntibiramenyekana ko vyoba vyavuye kuri ico gitero.
Abandi bantu cumi -- bose aba Islamu -- bakomeretse, babiri muribo bakaba baremvye.
Umushoferi yari agendesheje iyo modoka yafashwe.
Ico ngitero cabaye inyuma y'ibisabisho vya ramazani vyo ku mugoroba.
Ishirahamwe ry'aba Islamu "Muslim Council" ryo mu Bwongereza ryavuze ko ico gitero cerekana urwanko ku ba Islamu.
Ni igitero ca kane c'iterabwoba mu mezi atatu mu gihugu c'Ubwongereza.