Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca Manchester ngo nticocanishamwo Amerika n'Ubwongereza
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu, Rex Tillerson, avuga ko imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza idashobora guhungabanywa n'amabanga yagaragajwe yerekeye igitero cagabwe kuri Manchester Arena.
Igipolisi c'Ubwongereza carahagaritse guhererekana vy'agateganyo amakuru y'itohoza na bagenzi baco ba Amerika, inyuma yaho bimwe mu vyo barungitse biguye mu minwe y'ibigo vy'itangazamakuru vya Amerika.
Bwana Tillerson, yashikirije ivyo mu rugendo yarimwo mu gisagara ca Londres, aho yiyamirije igaragaza ry'ayo mabanga.
Yabwiye mugenziwe w'Ubwongereza, Boris Johnson, ko imitima y'abanyamerika yavunywe n'ubwo bwicanyi kandi ko Amerika igiye gukomeza utwigoro mu kurondera gutuza umugwi w'abagwanyi ba IS.