Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwongereza na Amerika bapfa amabanga yo ku gitero ca Manchester
Igipolisi gitohoza ku gitero co kuri Manchester Arena cahagaritse guhererekana amakuru na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma yaho hari amakuru yaguye mu minwe y'itangazamakuru ry'ico gihugu.
Ubutegetsi bw'Ubwongereza bwashavujwe n'ukubona amafoto yo muri ico gitero yakoreshejwe n'ikinyamakuru New York Times.
Ivyo bishitse hari haheze umwanya izina ry'umwiyahuzi Salman Abedi, rigaragajwe n'itangazamakuru ryo muri Amerika haheze amasaha igitero cishe abantu 22 kibaye.
Umushikiranganji wa mbere Theresa May yavuze ko agiye kubwira Donald Trump mu nama ya Otan, ko amakuru bahanahana ategerezwa kunyegezwa.
Uwuserukira ubuserukizi bwa Amerika muri kino gihe mu Bwongereza, yaneguye ayo makosa mu kiganiro yagiranye n'iradiyo ya BBC.
"Kugaragaza ayo makuru bikwiye guhanwa, birababaje cane," niko Lewis Lukens yavuze.
"Twavuganye n'abategetsi bo hejuru...tugiye kurondera ababikoze, tubihanikize."