Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Nta mabanga ya Trump Uburusiya bubitse'
Uburusiya burahakana ibivugwa ko inzego z'iperereza z'Uburusiya zibikiye akabanga Donald Trump.
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu yavuze ko "ari ivyo bikurira mu mutwe" kandi ko "bigaragara ko ari ugushaka kwonona ubucuti bafitaniye".
Bivugwa ko Uburusiya bufise inkuru zerekeye uwo mukuru w'igihugu aherutse gutorwa zerekeye ubusambanyi.
Bavuga kandi ko abajejwe imyiyamamazo yiwe bavuganye mu misho n'Uburusiya.
Trump yiyamirije izo nkuru.
Ata co yiriwe aravuga kuri izo nkuru, Trump yanditse kuri twitter: "Amakuru y'ibinyoma - politike yo kubiba urwanko!"
Bitegekanijwe ko Trump aha ikiganiro abamenyeshamakuru ku wa gatatu, imbere y'imisi icenda ngo ashikire ubutegetsi.
Bisa n'uko yashatse gutandukanya ibimwerekeye ku giti ciwe n'akazi akora ubu, mu gutorera inyishu ikibazo co kuvanga amabanga y'igihugu n'ivyiwe bwite.
Mu kwezi guheze inzego zijejwe iperereza zarasohoye inkuru zo mw'ibanga zivuga ko Uburusiya bwakoze ibikorwa vy'ubusuma kuri internet mu kwivanga mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika.
Mu zindi nkuru zitandukanye, ibinyamakuru vyo muri Amerika ubu bivuga ko Uburusiya zisobora guhutaza ubudandaji bwa Donald Trump hamwe na video imwerekana ari mubiterasoni.
BBC ntirahinyuza ivyo bivugwa kandi hari vyinshi bitaremezwa biri muri ico cegeranyo.
Bivugwa ko inzego zijejwe ipererza za Amerika zashikirije izo nkuru prezida aherutse gutorwa, prezida Obama n'abakuru mu nama shingamateka mu ndwi iheze.