Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Moon Jae-in, umukuru w'igihugu mushasha wa Korea Yepfo
Abanyagihugu ba Korea Yepfo batoye ari benshi umugabo ashigikira umwidegemvyo, Moon Jae-in, nk'umukuru w'igihugu mushasha, niko ikigo cakurikiranye amatora cavuze.
Ku bw'ico kigo, Bwana Moon yaronse amajwi 41.4%, mu gihe uwumukurikira agendera ku vyiyumviro vya kera, Hong Joon-Pyo, yaronse amajwi 23.3%.
Bwana Moon yipfuza gukomeza ibiganiro na Korea ya ruguru, mu kugerageza guhindura ingendo yari ihasanzwe ya Korea Yepfo.
Ayo matora yatunganijwe igihe c'ayokurikiye kitarashika, inyuma yaho umukuru w'igihugu yahahora akuriweko icizere.
Park Geun-hye yagirizwa kuba yaretse somambike wiwe kunyonyora amahera y'amashirahamwe.
Yarahakanye ko ata kibi yigeze akora.