Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare yakuye mu mabanga prezida Park Geun-hye wa Korea yepfo
Prezida wa Korea yepfo Park Geun-hye abaye umukuru w'igihugu wa mbere mu bitorewe n'abanyagihugu akuwe ku nguvu mu mabanga.
Abacamanza bose bashigikiye ingingo yemejwe n'inama nshingamateka yo gukurikirana umukenyezi Park yagirizwa ibiturire bivugwamwo na somambike wiwe, Choi Soon-sil.
Muri kino gihe yataye ubudahangagwa yahabwa no kuba umukuru w'igihugu, akaba ashobora gufatigwa ibihano.
Hari abantu bafashwe n'agashavu hanze ya sentare, igipolisi kikaba cavuze ko abantu babiri mu bagumuka bapfuye.
Sentare yafashe ino ngingo inyuma y'uruhagarara rwa politike rumaze amezi, ruvanze n'imigumuko y'abanyagihugu.
Nkuko amategeko avuga, amatora y'uwundi mukuru w'igihugu ategerezwa kuba yatunganijwe mu minsi 60.
Ibiro vy'umukenyezi Park vyamenyesheje ko adashobora kuva mu biro Blue House, ikirimba c'umukuru w'igihugu wa Korea yepfo, kuri uno wa gatanu canke ngo agire ico ashikirije.
Uwamusubiriye vy'agateganyo, Prezida Hwang Kyo-ahn, yasavye abanyagihugu na leta gutekana, ngo ishobore guhwamika indyane zokwaduka kubera ivyahindutse.
Umuntu avugwa muri urwo rubanza ni somambike w'umukuru w'igihugu, umupfasoni Choi.
Choi akurikiranwa ku kuba yitwaje ubucuti afitaniye na prezida, akabukoresha mu kugondoza amashirahamwe guha ingabire y'amamiliyoni y'amadolari ibigo agenzura.
Umukenyezi Park avugwa ko yivanze muri ubwo bunyonyozi yongera arekurira Choi gushikira amabanga amwamwe y'igihugu.
Sentare yavuze ko yarenze amategeko mu kwemerera Choi kwinjira mu mabanga y'igihugu.