Amatora ya Prezida mushasha muri Korea Yepfo

Abanya Korea Yepfo bari mu matora y'umukuru w'igihugu inyuma yaho prezida yahahora akinjuriye, yagirizwa ibiturire mu uryo buteye isoni.

Uwuharanira ukwisanzura, Moon Jae-in, niwe avugwa mu boyatsinda, agakurikigwa n'uwugendera ku vyiyumviro vya hagati, Ahn Cheol-soo.

Abatora bisunga ibibazo vy'ubutunzi ariko ikibazo ca Korea yaruguru naco nyene kirashobora guhindura intumbero y'amatora.

Bwana Moon yipfuza gukomeza imigenderanire na Korea ya ruguru, ingendo iteye kubiri n'iy'umutegetsi yahahora yakuweko icizere, Park Geun-hye, yari yahagaritse imigenderanire yose n'ico gihugu.

Bivugwa ko abantu benshi cane bashobora kwitaba ayo matora na cane cane mu rwaruka, abayitaba bagahitamwo mu bakandida 13.

Ibibanza vy'amatora vyugagwa isaha 20:00 zo muri ico gihugu (11:00 GMT), uwayatsinze agategekanywa guca amenyeshwa.

Umutegetsi mushasha azorahira ku munsi wa gatatu.