Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yipfuza kurungika abasirikare 3000 muri Afuganistani
Ubutegetsi bw'igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika busaba ko horungikwa abasirikare 3000 biyongera ku basanzwe mu gihugu ca Afuganistani, kugwanya aba Talibani, niko itangazamakuru rya Amerika ryavuze.
Abarongooye igisirikare bipfuza kwagura ubutegetsi babanje gushira ku ruhande indongozi z'aba talibani, bakoresheje ibitero vy'indege.
Prezida Donald Trump ntaremeza uwo mugambi, niko ubutegetsi buvuga. Abawutegura bashobora gusaba ko ibihugu biri mu muryango Otan navyo nyene birungikayo abasirikare, boba hagati ya 3000-5000.
Hariyo abasirikare ba Otan 13000 bagizwe na 8400 ba Amerika.
Ibikorwa vy'abasirikare ba Amerika vyo kugwanya aba Talibani vyaheze mu 2014, ariko inteko zihambaye zabandanije zifasha igisirikakare ca Afuganistani.
Mu kwezi kwa kabiri, uwurongoye ingabo za Amerika muri Afuganistani Jenerali John Nicholson, yabwiye akanama kajejwe ibibazo vya gisirikare mu nama nkenguzamateka ko "hari ikeha ry'ibihumbi bike vy'abasirikare".
Yavuze ko akeneye abandi basirikare ngo arangize "ikibazo cabaye ndanse".