Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakristu bahimbaje uwa gatanu mweranda inyuma y'ibitero mu Misiri
Umwungere mukuru w'isengero ry'aba Coptes niwe yarongoye imisa yo ku wa gatanu mweranda muri Cathédrale ya Cairo, inyuma y'ibitero vya bombe vyahitanye abantu benshi ku wa Mungu uheze.
Papa Tawadros yasomeye imisa muri imwe mu masengero yagabwemwo ibitero ku munsi wa Mungu w'ibisandasanda, ibitero vyahitanye abantu 44, vyemangwa n'umurwi wa Leta y'iki Islamu, Islamic State, IS.
Umutekano wiriwe wakomejwe ku masengero mu Misiri, abakristu benshi bakaba bavuga ko batinya kuja mu misa.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati yavuze ko yamaze kumenya abantu biyahuje ibibombe abaribo.