Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya bwashavujwe n'igitero ca Amerika
Uburusiya bwashavujwe n'igitero ca missile cakozwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku kirindiro c'igisirikare co mu kirere ca Syria.
Ubutegetsi bwa Amerika buvuga kw'ico kirindiro arico cakoreshejwe mu gutera ibisasu birimwo ubumara vyibasiye uburaruko bushira uburengero bwa Syria, hapfa abantu baharugwa mu mirongo ku munsi wa kabiri.
Uburusiya busanzwe bushigikira Prezida Bashar al-Assad, bwiyamirije ico gitero ca Amerika buca buhagarika amasezerano yotumye ivyo bihugu vyirinda amasanganya yohava aba mu kirere ca Syria.
Bushikirije ayo majambo inyuma yaho abanyagihugu b'abasivile bashika 80 bagwiriyemwo abana bapfiriye mu gitero, vyikekwa ko hoba hakoreshejwe ubumara bwa gaz, cagabwe ku gisagara kigenzugwa n'inyeshamba ca Khan Sheikhoun mu ntara ya Idlib.
Umurwi wa Syria w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'ibihugu vya Buraya bavuze ko Syria ariyo yagavye ico gitero.