Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya: "Ubumara bw'inyeshamba nibwo bwishe abanyagihugu" muri Syria
Uburusiya buvuga ko ubumara bwishe bukongera bugakomeretsa abanyagihugu b'abasivile mu karere kagenzugwa n'inyeshamba, ko bwavuye mu bigwanisho izo nyeshamba zitunze.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi yemeje ko indege za Syria zateye igisagara ca Khan Sheikhoun mu ntara ya Idlib, ariko ngwizo ndege zarashe ububiko burimwo "mines" zigenewe gukoreshwa muri Iraki zirimwo ubumara.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'abandi bavuga ko indege za Syria zakoroye ibigwanisho vy'ubumara, ivyo navyo Damas ikaba ibihakana.
Umushikiramganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Boris Johnson yishuye ku vyo Uburusiya bwavuze avuga ati: "Amakuru y'ukuri nabonye avuga ko vyakozwe n'ubutegetsi burongowe na Prezida Assad...bukoresha ibigwanisho bibujijwe ku banyagihugu babo."
Ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu gikurikiranira hafi ibibera muri Syria "Syrian Observatory for Human Rights" cavuze ko abantu 72 barimwo abana 20 aribo bahitanywe n'ibitero vya Khan Sheikhoun.
Amasanamu yafashwe yerekana abasiviles bagwiriyemwo abana babuze impwemu, barekura ifuro mu kanwa. Ababonye ivy'ivyo bitero, bavuga ko vyibasiye n'ibitaro vyavura abakomeretse.