Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero c'umwuka wa gaz cahitanye 58 muri Syria
Mu makuru yatanzwe n'umurwi ugenzura ibibera muri Syria, bivugwa ko niburiburi abantu 58 bishwe mu gitero bakeka ko hoba hakoreshejwe umwuka wa gaz mu gace ko mu buraruko bushira uburengero bwa Syria, kagenzugwa n'inyeshamba.
Ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Syrian Observatory for Human Rights" kiri mu Bwongereza, cavuze ko ibitero vyibasiye agace ka Khan Sheikhoun vyakozwe na leta ya Syria canke indege z'Uburusiya, vyatumye abantu babura impwemu.
Munyuma indege zarashe ibisasu vyo mu bwoko bwa "rockets" ku mavuliro yariko aravura abarokotse, ku bakozi b'ibitaro hamwe no ku bantu baharanira agateka ka kiremwa muntu.
Igisirikare ca Syria cahakanye ko cakoresheje ibigwanisho nka mwenivyo.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya nabwo nyene bwahakanye ko ata bitero vy'indege bwakoreye muri ako karere.
Bwemeje ko ico gitero cakoreshejwemwo ubumara, gishobora kuba ica mbere muri mwenivyo gitwaye abantu benshi kuva ingwano itangura muri Syria.