Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa mbere wa RDC yatanze imihoho
Umushikiranganji wa mbere wa RDC, Augustin Matata Ponyo, yatanze imihoho muri ico kibanza kugira hatorwe uwundi azorongora reta mfatakibanza.
Ugutanga imihoho kwa Matata Ponyo n’imwe mu ntambwe y’amasezerano yashizweko umukono mu kwezi guheze hagati ya prezida Joseph Kabira n’imwe mu migambwe itavuga rumwe na we, yo kwungururiza amatora mu kwezi kwa kane umwaka 2018.
Abanyagihugu muri RDC botegerejwe gutora uwusubirira prezida Kabira muri uku kwezi, igihe yari kuba aranginje ikiringo ciwe ca nyuma.
Imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta vyariyamirije uko kwungururiza amatora ku rindi sango, ivuga ko ari amayeri ya prezida Kabila yo gushaka kuguma ku butegetsi.
Reta yose yatanze imihoho.