Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hongrie: Itegeko ry'abimukira ryiyamirijwe
Inama nshingamateka ya Hongrie yiyamirije itegeko ry’umushikiranganji wa mbere Viktor Orban ryo kwanka guha ubuhungiro impunzi.
Umugambwe wiwe uri ku butegetsi wananiwe kuronka amajwi abiri y’abatavuga rumwe na reta yari akanewe kugira ashikane ibice bibiri kuri bitatu mu nama nshingamateka.
Iryo tegeko ryarondera kw’iyamiriza igitigiri c’impunzi 1,294 zitegerezwa kwimurirwa muri Hongrie, cashinzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.
Abamenyeshamakuru bavuga ko ari iyindi ntambwe Orban yari yerekanye yo kwiyamiriza EU hamwe n’abimukira.
Ariko ntiyashigikiwe n’umugambwe ugwanya abimukira Jobbik, mu bisanzwe vyaboneka ko bategerezwa gushigikira iryo tegeko.
Umugambwe wa Jobbik wasavye Orban guhagarika gutangisha amafaranga abimukira batunze kugira baze kuba muri ico gihugu, bavuga ko ingingo yo kubuza abimukira kuza kuba muri ico gihugu itegerezwa gufata abanyamahanga bose atawuvuyemwo.
Umushikiranganji wa mbere Orban yaravyanse, aca ivyita “ukwigenza”