Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
HCR irega Hongria kuzibira abimukira
Leta ya Hongria imenyesha ko yarungitse abapolisi n'abasirikare bagera ku bihumbi 10, kugira bugare urubibe gihana na Serbia.
HCR imenyesha ko itewe umwitwarariko no kubona umuntu wese ashitse muri Hongria aca asubizwa muri Serbia ku nguvu.
Iryo shirahamwe rivuga ko amakambi yo muri ico gihugu ca Serbia atameze neza.
Ngo hari abimukira bagera ku 800 bari mu kangaratete, aho ku rubibe, ku ruhande rwa Serbia, barara hanze kubera kutagira amahema akwiye.
Mu mwaka uheze, abimukira hafi 400,000 nibo baciye muri Hongria, ariko 500 bonyene nibo bahawe uburenganzira mpuzamakungu bwo gukingirwa.
Igitigiri c'abimukira bafata inzira yo mu bihugu vy'akarere ka Balkans, berekeza mu buraruko bwa Bulaya, congeye kuduga.
Imbere y'uko inzira y'akarere ka Balkans yugarwa mu kwezi kwa gatatu, hari hamaze guca abimukira baharurwa muri miriyoni.
Ku munsi wa gatanu, Leta ya Serbia yakoranije inama yo kwihweza ico kibazo.