Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Intambara y'amajambo mu gihe abakandida babangabanganywe
Donald Trump na Hillary Clinton basubiye guterana amajambo k’uwukwiye kuba umukuru w’igihugu mu gihe ibiharuro vyerekana ko babangabanganywe mu majwi.
Umupfasoni Clinton ibiharuro vyahora vyerekana ko afise amahirwe menshi, yagumye yifatira mu gahanga uwo bahanganye wo mu mugambwe w’abarepublicain ku nyifato yiwe ku bapfasoni.
Trump na we yavuze ko uwo mupfasoni atsinze amatora ashobora kugirwako amatohoza.
Trump yarateye intambwe iboneka kurusha uwo mupfasoni mu ntara zimwe zimwe zikomeye, nk’uko ibiharuro bivyerekana.
Mu myiyamamazo yo ku musi wa kane, yararanzwe n’igaragara ry’umupfasoni wa Trump ritamenyerewe, Melania.
Mw’ijambo ryiwe rya mbere kuva ashikirije ijambo mu nama idasanzwe y’abarepublicain mu kwezi kw’indwi, uwo yahoze ari umunya mideli yavuze kuvyerekeye abimukira n’abavyayi, aca avuga ko umugabo wiwe azogigira Amwerika igihugu kitarenganya.
Yiyemeje kandi, mw’ijambo yashikiririje mu micungararo ya Philadelphie, kugwanya abasuma bo kuri internet mu gihe yoba umupfasoni w’umukuru w’igihugu, no kurwanya akanga k’ishari.