Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Aba Democrates basaba umuco FBI kuri Clinton
Abakenguzamateka b'aba 'Democrates' basaba ibisata vy'iperereza n'ubutungane gushira ahabona ivyabonetse muri emails FBI iriko ikorako iperereza ivuga ko zifitanye isano na Hillary Clinton.
Abo bakenguzamateka bavuga ko ingingo yafashwe n'umuyobozi wa FBI, James Comey, yo gutangaza ko hari izindi emails zifitanye isano na Hillary Clinton zabonetse, indwi zibiri gusa imbere y'uko amatora aba, iriko irakoreshwa ku ntumbero za politike.
Hillary Clinto ubwiwe yavuze ko iyo ngingo ataho yari bwanoneke kandi ko iteye umwitwarariko cane.
Abategetsi bo mu gisata c'ubutungane bivugwa ko boba baraciye amahani bwana Comey ngo ntatangaze ivy'izo emails.
Donald Trump, yitoza ku ruhande rw'aba 'Republicains', yaciye ashingira kuri izo emails mw'isekeza ryo kwiyamamaza, aho yita uwo bahiganwa Hillary Clinton ko ari umunyavyaha akora amakosa n'ibigirankana.