Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwami wa Thailand azogandarirwa ukwezi kwose
Abanyagihugu ba Thailand baragandariye umwami Bhumibol Adulyadej, yaramaze imyaka myinshi ku ngoma kurusha abandi kw’isi, yitavye Imana ku musi wa kane afise imyaka 88.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bambaye ivyirabura batonze ku mabarabara ya Bangkok kugira bunamire umwami, mu gihe umuhungu wiwe yimukiye mu ngoro ya Grand Palace.
Reta yashinze ikiringo c’umwaka wose w’ikigandaro.
Umuganwa Maha Vajiralongkorn, vyitezwe ko agiye kumusubirira ku ngoma, ariko yasavye akanya imbere yo kuja muri ico kibanza.
Reta yamenyesheje akaruhuko kuri uyu wa gatanu, kandi amadarapo azoduzwa gushika hagati mu kiringo c’imisi 30 iri imbere.
Abantu basabwe kwambara ibintu vyirabura, no guhagarika imisi mikuru inezereza muri ico kiringo.
Ibigo bikinisha cinema, imyidagaduro n’inkino vyahagaritswe ibindi vyimurirwa ku yandi masango.
Imbura ndurukanabumenyi zose zashizeko amabara year n’ayirabura, kandi imboneshakure zose zo muri Thailand ziriko ziramenyesha amakuru yerekeye ubuzima bw’umwami.
Umuntu umwe I Bangkok yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press : Nta majambo mfise yosigura uko niyumva ubu.”
“Ndabuze umwe mu bantu bahambaye mu buzima bwanje. Numva umenga sinamukoreye ibikwiye. Nagukora vyinshi gusumba,” ni ko Gaewkarn Fuangtong yavuze.
Kuva mu gatondo ka kare cane, hari umurongo munini w’abantu bagana ku kirimba i Bangkok.
Bambaye impuzu zirabura, abantu ibihumbi n’ibihumbi y’abanye Thailand bagumye bahagaze ku zuba barindiriye imihango ya mbere y’ikiringo co kugandara.
Hari inyandiko ziri kw’ibarabara urukurikirane rw’imodoka zireruye umwamami ruza gucako.
Abasirikare bambaye impuzu z’imisi mikuru bariko bariyegeranya hanze y’ikirimba, aho biboneka ko ivyatsi vyaraye birakatwa mw’ijoro.