Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Katumbi agiye gutaha kwitoza mu buprezida
Umunyepolitike wo muri RDC yari yatangaje ko azitoza mu matora yimirije, Moise Katumbi, ubu ari mu buhungiro, yavuze ko agiye gutahuka.
Katumbi yahoze ari somambike wa prezida Kabila, ubu aba mu Bubiligi.
Yavuye muri RDC mu ntango z’uyu mwaka, inyuma yo kwagirizwa guha akazi abacangero mu ntumbero yo gutembagaza reta ya Joseph Kabira.
Inyuma y’ukwezi kwa gatandatu, yagirijwe kugurisha inzu hadakurikijwe amategeko, aca acibwa urubanza rwo gupfungwa amezi 36.
Avugana na BBC ari mu rugendo i Londres mu Bwongereza, Katumbi yavuze:”Jewe ndi umunye Congo, nzotaha muhira kandi nzokwitoza kuba umukuru w’igihugu. Ivyo nagirizwa ko nashatse gutembagaza ubutegetsi bigamije kumbuza kwitoza.”
Moise Katumbi yahoze arongoye intara ya Katanga, akaba afise n'umugwi ukomeye w'umupira w'amagura wa Tout Puissant Mazembe.