Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umutahe Moise Katumbi wasohowe na leta ya R D Congo
Leta ya Republika iharanira Demokarasi ya Congo irega Moise Katumbi, amaze kumenyesha ko yifuza kwitoza nk umukuru w'igihugu, icaha co gukoresha abarwanyi b'abacangero b'abanyamahanga.
Umuvgizi wa leta ya Congo yavuze ko Moise Katumbi yariko ategura umugambi wo gutembagaza perezida Joseph Kabila.
Bwana Kabiula agiye kurangiza ikiringo ciwe, akaba yari kuca akura meza mu kwa 12 uyu mwaka hamwe hakurikijwe ivyo ibwirizwa nshingiro rivuga.
Ariko icuka kibi ca politike gikomerza kuduga mu Burundi
Haheruka kuba imishamirano hagati y'abashigikiye Moise Katumbi n'abajejwe umutekano.
Umuvugizi wa leta Lambert Mende avuga ko Moise Katumbi ashobora gutabw amuri yompi canke agapfungwa ic'amaso.
Bwana Katumbi afise abamushigikiye benshi muri Katanga.
Ashigikiwe n'imigambwe 7 mu matora yimirije yo mu kwezi kwa 11.
Sentyare yubahiriza iwbirizwa nshingiro yategetse ko Kabila aguma ku butegetsi, inyuma y;' ikiringo ciwe kizorangira mu kwa 11, hamwe ata matora yotunganywa mu mpera z' uyu mwaka.