Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibikorwa vy'abatinganyi vyabujijwe muri Uganda
Ubushikiranganji bujejwe kwubahiriza ibiranga umuco muri Uganda, bwabujije ibikorwa vyose vy'abahuza ibitsina babisangiye hamwe n'abihinduye abagore canke abagabo.
Ubwo bushikiranji buvuga ko ibikorwa n'abo bantu bazwi nka LGBT mu majambo ahinahinye mu Congereza, biteye kubiri n'amategeko ngo kandi si umuco wo muri Uganda.
Umushikiranganji Simon Lokodo yabariye abamenyeshamakuru ko ico yise kwamamaza ibikorwa vy'aba gay bitemewe muri Uganda.
Yariko arasigura igituma igipolisi cugaye umutambagiro wari wateguriwe mu kavyiniryo k'i Kampala mu ndwi iheze, anabuza urugendo rwagomba kuba kuwa gatandatu.
Umwe mu baharanira agateka k'aba gay yavugiye ku mbuga hwaniro ko nk'abandi banye Uganda bose ngo abahuza ibitsina babisangiye bazobandanya gukora ibikorwa vyabo ku mugaragara igihe cose bazoba babishatse.