Kaminuza zo muri Africa: Nta n'imwe ku rutonde rw'izironderwamwo aboja UK

Ahavuye isanamu, Getty Images
Indinganizo nshasha yo gutanga impusha zo kwinjira mu Bwongereza (visa) igamije gukwegakwega ''incabwenge za mbere'' zihejeje kaminuza hirya no hino kw'isi nta kaminuza n'imwe yo muri Afrika yashize ku rutonde rw'aho abafise izo mpapuro bashobora kuva.
Ibi vyatumye haba imyidogo ko incabwenge z'abanya-Afrika bakumiriwe - n'ubwo abanya-Afrika bize kuri kaminuza ziri kuri urwo rutonde bashobora gusaba.
Uwo ariwe wese yahejeje mu myaka itanu iheze kuri izo kaminuza ziza kw'isonga zitari izo mu Bwongereza yemerewe gusaba.
Abafise urupapuro rw'umutsindo rwa kaminuza bafise amahiwe hatarabwe iyo bavukiye kandi ntibazokenera ko haba hari akazi kabonotse kugira basabe.
Ariko uburyo ingene urwo rutonde rw'izo kaminuza z'irya n'ino kw'isi rwakozwe vyatumye ata kaminuza n'imwe yo muri Afrika ijamwo.
Kugira umuntu ashobore gusaba, ategerezwa kuba yize muri kaminuza iri muri 50 ziza kw'isonga ku ntonde nibura zibiri mu zikorwa na Times Higher Education World University Rankings, Quacquarelli Symonds World University Rankings, canke na The Academic Ranking of World Universities z'umwaka aba yahejejemwo.
Kaminuza 37 nizo ziri kuri urwo rutonde - nyinshi muri zo ni izo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko harimwo na zimwe zimwe z'i Buraya na Aziya.
"Ibirabwa mu gutora kaminuza zija kuri urwo rutonde biha amahirwe amakaminuza amaze imyaka amajana aronka uburyo bwinshi bwo gukora," ivyo Amina Ahmed El-Imam wo kuri kaminuza ya Ilorin muri Nigeria yabibwiye New Scientist magazine.
Ati: "Nk'umuntu ava muri Nigeria yaciye PhD (doctorat) mu Bwongereza, biravuna umutima kubona hakiri integuro zishirwaho zikumira abanya-Africa".
"Iyo ndinganizo yoba isigura ko ata bantu ku giti cabo bahejeje kaminuza zo muri Afrika bafise ubushobozi ku rugero rwo hejuru?"










