Andrew Forrest: Umutunzi ruhebwa agiye kuburanya ikigo Facebook

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umutunzi ruhebwa w'umunya Australia yashengeje ikigo Facebook yemeza ko cakoze icaha co kunanirwa gukinga ubutumwa butari ubw'ukuri bwo kwerekana ibidandazwa hakoreshejwe ifoto yiwe.
Andrew Forrest avuga ko Facebook yarenze ku mategeko ahana gutunga amafranga adaca mu nzira z'ukuri mu gukwiragiza ifaranga rikorera ku mihora ya internet bita cryptocurrency.
Yavuze ko bubaye ubwambere Facebook ishengejwe ku caha nk'ico kw'isi.
Ikigo Meta gifise facebook ntaco cavuze ku majambo ya Forrest ariko cashikirije ko ciyemeje gukura abo bantu ku mbuga zaco.
Dr. Forrest asanzwe ari umuyobozi mukuru w'ikigo cimba ubutare Fortescue Metals, yemeza ko Facebook "yakoze icaha co gufata ibintu minenerwe" mu kutagwanya bikomeye ubutumwa butari ubw'ukuri, bwatanguye kwibonekeza mu ntango yo mu 2019.
Abatanga ubutumwa bw'ubudandaji butaribwo kuri internet bakoresheje ifoto yiwe - n'ayandi y'abantu bazwi cane kw'isi - mu gukabura abashora imitahe babemerera kuronka ubutunzi. Naho ikigo facebook cabujije abakwiragiza ubutumwa nk'ubwo, hari bwinshi bukiboneka kuri uwo muhora.
Dr Forrest yongeye avuga ko yandikiye ikete ryuguruye umuyobozi wa Facebook Mark Zuckerberg mu kwezi kwa 11 mu 2019, amusaba gufata izindi ngamba.
Uyo mutunzi ruhebwa mu gisata c'ubutare yagize ku musi wa kane mu rwandiko yasohoye ati: ''Mfise amakenga y'abantu b'abanya Australia bariko barahendwa n'ababakabura ku butumwa buca ku mihora ngurukana-bumenyi''.
Yongeye agira ati: ''Ndiko mvugira abanya Australia ariko biriko biba kw'isi yose''.
Urwo rubanza ruzosasa muri sentare iri mu burengero bwa Australia italiki 28 z'ukwa 3. Nirwagenda neza ikigo Facebook gishobora kurihishwa amafranga canke gisabwe guhindura ingene kumenyekanisha ibintu bikorwa.
Dr Forrest yarungitse n'urwandiko rw'ukuburanya muri Amerika muri Leta ya California, ahasanzwe hari ikigo gikuru ca Facebook.
Ikinyamakuru The Australian cavuze ko muri urwo rwandiko rw'ukuburanya Facebook, yemeje ko "isanzwe izi inyungu ikura" muri uru rukurikirane rw'abatanga ubutumwa kuri internet butari ubw'ukuri kandi biteye kubiri n'amategeko.
Kivuga bimwe mu biri mu nyandiko zo kuburanisha, ico kinyamakuru cavuze ko Forrest yashikirije ko umwe mu batakaje amafranga yabo muri Australia yavuze ko yatakaje amadollar ibihumbi 670, bitewe n'uko Facebook yateye intege abatanga ubutumwa butaribwo.
Mu rwandiko yarungikiye ibinyamakuru, Facebook yavuze ko ubutumwa butari ubw'ukuri bwo kuri internet buteye kubiri n'amategeko yayo.
Uwuserikiye Meta yagize ati: ''Dukoresha uburyo bwinshi mu guhagarika ubutumwa butaribwo bwo kuri internet, ntidukora gusa mu gutahura no guhagarika ubutumwa nk'ubwo, ahubwo turanabahagarika ku mihora yacu, tukabajana muri sentare mu gihe tuguma dukomeza amategeko yacu''.










