Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ONU irasigura guhakana ihonyabwoko ry'Abayahudi mu cemezo gishasha
Umuryango mpuzamakungu ONU watoye icemezo kigamije kurwanya guhakana ihonyabwoko ry'abayahudi canke Holocaust unahimiriza ibihugu vy'ibinyamuryango n'ibigo vy'imbuga hwaniro kurwanya urwanko ku Bayahudi.
Ico cemezo, cazanywe n'ibihugu vya Israel n'u Budagi, cashigikiwe ata matora abaye n'ibihugu vyose bigize inama y'umuryango wa ONU uko ari 193.
ONU yavuze ko "ibi vyabaye vyatanze ubutumwa bukomeye ku bahakana canka bagapfovya aya mateka y'ukuri".
Abanyagihugu imiliyoni 6 b'Abayahudi barishwe muri Holocaust - isekeza ry'aba Nazi bo mu Budage ryo guhonya abanyagihugu b'Abayahudi bose b'i Buraya.
Ku musi wa kane, inama ya ONU yavuze ko iteye ivyatsi yivuye inyuma ico cose coza gihakana ihonyabwoko ry'Abayahudi nk'ukuri kwa kahise, yaba igice caryo canke ryose uko ryakabaye.
Ambasaderi w'u Budagi muri ONU yavuze ko ''ukwirengagiza nkana ibintu vy'ukuri vyabaye muri kahise vyongereza amahirwe y'uko vyosubira kuba''.
Ico cemezo kibwiriza ibihugu bifise ivyibutso vy'amakambi aba Nazi biciramwo abantu n'ayo babafungiramwo, kubibungabunga neza rikongera rigahamagarira ibihugu bigize uyo muryango gutunganya imigambi y'inyigisho kuri Holocaust.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'u Budagi Annalena Baerbock hamwe na mugenzi we wa Israel, mu rwandiko basohoreye hamwe berekanye impungenge batewe n'ukwiyongera kwa vuba kw'uguhana Holocaust.
Ico cemezo kivuga ko guhakana canke gupfovya Holocaust ari:
- Ugushaka gushira inguvu mu kubabarira canke gufata minenegwe ingaruka z'ihonyabwoko ry'abayahudi canke ibintu kizigenza vyariranze, harimwo abakorana n'abari bacuditse n'aba Nazi bo mu Budagi.
- Ukugabanya cane ibitigiri vy'abahitanywe na Holocaust mu buryo buhushanye n'amakuru atangwa n'amasoko yizewe.
- Kugerageza kwagiriza Abayahudi yuko ari bo batumye bakorerwa ihonyabwoko.
- Imvugo zifata Holocaust nk'ikintu ciza cabaye muri kahise.
- Kugerageza gushira igipfungu mu bijanye n'uwubazwa ishingwa ry'ibigo vyo gufungirwamo no kwiciramwo Abayahudi vyashizweho n'aba Nazi bo mu Budage, mu kuvyegeka ku bindi bihugu canke ayandi moko.
Mu gihe ico cemezo cafashwe n'inama ya bose ya ONU, Iran - kimwe mu bihugu bigize umuryango wa ONU - yavuze ko yitandukanije n'ico cemezo.
Igihe aba Nazi baza ku butegetsi mu 1933, batanguye gukura Abayahudi mu vyabo, babaka umwidegemvyo n'ububasha hisunzwe amategeko.
Mu nama ya Wannsee i Berlin mu kwa mbere mu 1942, abarongozi b'aba Nazi bafashe ingingo yo guhonya abanyagihugu bose b'Abayahudi ku mugabane wa Bulaya, batangura kurungika Abayahudi mu makambi yo kubamariramwo.