Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bobi Wine: Urubanza rw'uko yabeshe ku myaka rwasokowe
Umushikirizamanza w'igihugu muri Uganda yasokoye urubanza yari yishingishirije umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Robert Kyagulanyi azwi cane nka Bobi Wine.
Uwo munyaporitike yari yagirijwe kubesha ku myaka yiwe igihe yiyandikisha kugira yige kuri kaminuza ya Makerere.
Impapuro za kaminuza za Bobi Wine zari zimaze kwibazwako ibibazo muri kahise.
Uretse ko ari umuririmvyi rurangiranwa, Bobi Wine asanzwe azwi cane kuba umwe mu bantu banegura bikomeye prezida Yoweri Museveni amaze imyaka irenga 35 ku butegetsi bwa Uganda.
Bobi Wine yarahanganye na prezida Museveni mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mwaka uheze.
Yavuze ko ayo matora yibwe inyuma y'imyiyayamazo yaranzwe cane no kuburabuza we n'abamushigikiye.
Abatari bake barafashwe barapfungwa, abandi baricwa, abandi nabo baraburwa irengero.
Mu kwezi kw'icenda mu 2020, sentare yo muri Uganda yararengukishije Bobi Wine, imwagiriza ko yahaye amakuru atari yo umurwi ujejwe gutegura amatora ku bijanye n'imyaka yiwe
Ico gihe sentare yari yategetse ko ategerezwa kwitaba urubanza rwari kumuhuza n'umunyamategeko, Male Mabirizi, ashaka kuburanya ku giti ciwe uyu mucuranzi yahindutse umunyapolitike.
Mu rubanza yari yashingishije mu kwezi kwa munani, Mabirizi yavuga ko impapuro z'amashure yize zerekana ko Bobi Wine yavutse ku wa 12 z'ukwa kabiri 1980.
Iyi tariki itandukanye n'iyiri kw'ikarata ndangamuntu be no ku rupapuro yujuje agahereza umurwi ujejwe gutegura amatora mu 2017 igihe agenwa kwitoreza intebe y'ubushingamateka.
Karangamuntu ya Bobi Wine yerekana ko yavutse ku wa 12 z'ukwa kabiri 1982.
Iyo sentare nyene yamwagiriza kandi ko "yashoboye kwiyandikisha akoresheje ibinyoma n'impapuro z'ububeshi".
Ku rubuga rwiwe rwa Facebook ico gihe, Bobi wine yatangaje ko uru rubanza rwari mu bikorwa vya leta vyo gutesha agaciro no gucafuza abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Uyu mukuru w'umugambwe National Unity Platform (NUP) yasigura kandi ko se wiwe yahinduye itariki y'amavuka yandika 1980 igihe yari akiri mu mashure y'intango kugira ngo ashobore gukora ikibazo ca leta kuko umuryango utari ufise ubushobozi bwo kurihira amashure abo bavukana bose.