Uganda-amatora:Bobi Wine yasokoye ikirego co kwanka ko Museveni yatsinze

Umwe mu bari bahiganywe mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Uganda Bobi Wine yasokoye ikirego ciwe co kwanka intsinzi ya prezida Yoweri Museveni mu matora yabaye mu kwezi kwa mbere.

Uwo muririmvyi yahavuye aba umunyeporike-izina ryiwe ry'ukuri akaba ari Robert Kyagulanyi, avuga ko abacamanza banse kwakira ibindi vyemezo yabashiriye vyo kugaragaraza utunenge twabaye mu vyavuye muri ayo matora.

Avuga ko umugambwe wiwe ufise vídeo yerekana ingene isandugu zujujwe amajwi hamwe n'abasirikare mu bice bimwe bimwe batoreye ku mpapuro zamaze kwuzuzwa ahashirwa ikimenyetso c'uwo batoye.

Mu bibanza bimwe bimwe vy'amatora, ivyayavuyemwo vyerekanye ko hatoye ijana kw'ijana y'abiyandikishije, ivyo abo kwa Bobi Wine bakavuga ko bidashoboka.

Uwo muririmvyi yabaye umunyeporitike avuga ko ubu urubanza arujanye muri ''sentare y'ico abanyagihugu bibaza'', akoresheje uburyo butari ubwo gutera intureka.

Ibiharuro vyashizwe ahagaragara vyerekana ko Bobi Wine yatsinzwe amatora ku majwi arenga gato 34 kw'ijana. Uwari asanzwe arongoye igihugu Yoweri Museveni amaze imyaka irenga 30 ari ku butegetsi.

Bobi Wine yamaze indwi irenga afungiwe mu rugo iwe kuva amatora aheze inyuma y'imyiyamamazo yaranzwe n'ubukozi bw'ikibi n'ugufatwa kw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.