Goma-Nyiragongo: Ikirunga carekuye imyotsi n'iminyota

Nyiragongo - kimwe mu birunga bigifuruza canke bikiruka kw'isi - carekuriye mu kirere ibicu vy'imyotsi yirabura hamwe n'iminyota.

Amafoto yashizwe ku mbuga hwaniro yerekana imanga yaciwe n'ifuruza rya Nyiragongo yuzuye ivyondo bishushe (lava).

Abahinga b'ingene isi iteye (geologues/geologists) mu kigo ca Goma gikurikirana ivy'ibirunga bavuga ko ivyo vyondo bitaratangura gutemba, ariko bavuga ko babona ko ukunyiganyiga kw'isi kwiyongeye muri uwo musozi wa Nyiragongo.

Umukuru w'ico kigo, Celestin Kasereka, yabwiye BBC ko kuba haja haraba umuturiko rimwe na rimwe ari kwo gutuma umwotsi n'iminyota bisanzara mu gisagara ca Goma.

N'aho biri uko, Kasereka avuga ata cerekana ko Nyiragongo yimirije gufuruza canke kuruka.

Ababa mu micungararo bagiriwe inama yo kugumya umutima, ariko ivyo bizogorana kuri benshi mu gihe bacibuka ingene ifuruza canke iruka ry'ico kirunga ryabashegeshe mu kwezi kwa gatanu.

Ico gihe hapfuye abantu 32, abandi ibihumbi barata ingo zabo.

Benshi bahungiye mu gihugu kibanyi c'u Rwanda, ubu abandi bakaba bakiri mu makambi y'imfatakibanza muri Goma.