Goma-Nyiragongo: Ikirunga carekuye imyotsi n'iminyota

IAmazu menshi yarabomowe n'ifuruza rya Nyiragongo mu kwezi kwa gatanu mu 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa gatanu Nyiragongo yarafuruje yonona vyinshi mu gisagara ca Goma

Nyiragongo - kimwe mu birunga bigifuruza canke bikiruka kw'isi - carekuriye mu kirere ibicu vy'imyotsi yirabura hamwe n'iminyota.

Amafoto yashizwe ku mbuga hwaniro yerekana imanga yaciwe n'ifuruza rya Nyiragongo yuzuye ivyondo bishushe (lava).

Abahinga b'ingene isi iteye (geologues/geologists) mu kigo ca Goma gikurikirana ivy'ibirunga bavuga ko ivyo vyondo bitaratangura gutemba, ariko bavuga ko babona ko ukunyiganyiga kw'isi kwiyongeye muri uwo musozi wa Nyiragongo.

Umukuru w'ico kigo, Celestin Kasereka, yabwiye BBC ko kuba haja haraba umuturiko rimwe na rimwe ari kwo gutuma umwotsi n'iminyota bisanzara mu gisagara ca Goma.

N'aho biri uko, Kasereka avuga ata cerekana ko Nyiragongo yimirije gufuruza canke kuruka.

Ababa mu micungararo bagiriwe inama yo kugumya umutima, ariko ivyo bizogorana kuri benshi mu gihe bacibuka ingene ifuruza canke iruka ry'ico kirunga ryabashegeshe mu kwezi kwa gatanu.

Ico gihe hapfuye abantu 32, abandi ibihumbi barata ingo zabo.

Benshi bahungiye mu gihugu kibanyi c'u Rwanda, ubu abandi bakaba bakiri mu makambi y'imfatakibanza muri Goma.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa