DR Congo: Umukuru w'umugwi ujejwe amatora atanguye akazi mu mpari

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora muri Repuburika y'Intwaro ya Demokrasi ya Congo (RDC) yarahiriye amabanga mu mpari nyinshi kw'igenwa ryiwe.

Denis Kadima, agiye kuyobora umugwi ujejwe amatora CENI, afise igikorwa gikomeye co gutunganya amatora yimirije kuba mu 2023.

Igenwa ryiwe ntiryahurijweko na bose, imigwi y'amadini - ariyo yitwa ko igena abagize CENI - ntiyumvikanye.

Itandatu muri iyo migwi umunani yaratoye Kadima - ariko ishengero katorika hamwe n'ishengero ry'abaporoti rinini rya ECC (Église du Christ au Congo), aravyanka avuga ko igenrwa ridaciye mu nzira yo.

Ibihugu bifashanya na RD Congo birimwo ahanini ibigize ishirahamwe rya Buraya, n'iryo shirahamwe nyene hamwe kandi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubuyapani, Ubwongereza na Korea y'Epfo, birababazwa no kubona igenwa ry'abagize CENI ritumvikanyweko n'abo biraba kandi ari ''ikintu gikomeye mu gutanga icizere ku matora yimirije".

Ivyo ayo mashengero avuga bishigikiwe n'abashingamateka batavuga rumwe n'ubutegetsi nabo batemeje Kadima mu nama nshingamateka.

Inama nshingamateka ya RDC yemeje igenwa rya Kadima ku wa 16 ukwezi kw'icumi n'ubwo imigwi y'amadini itari yamwumvikanyeko.

Mu mpera z'indwi iheze, prezida Félix Tshisekedi yaciye yemeza igenwa rya Kadima n'abandi bantu 12 bagize uwo mugwi n'ubwo hakiri izo mpari.

Batatu bategerezwa guserukira uruhande rutavuga rumwe n'ubutegetsi ntibaragenwa ariko umukuru w'igihugu Tshisekedi yavuze ko yizeye ko bazosanga abandi.

EU, US n'indi bihugu

Abagize umugwi CENI bategerezwa kuva mu migambwe iri mu nama nshingamateka, nk'uko amategeko abitegekanya.

Mw'itangazo vyasohoreye hamwe, Amerika, ibihugu vyinshi bigize ishirahamwe rya Buraya, Ishirahamwe rya Buraya nyene, Ubuyapani, Korea y'Epfo n'Ubwongereza, bisaba abategetsi babijejwe kurondera ko urwo rwego rw'amatora rwitabwa n'abo biraba bose cane cane imigambwe ya poritike n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike (société civile) no gukomeza ko barugirira icizere.

Ivyo bihugu vyibutsa ko biha agaciro cane ugukorera mu muco, ubwigenge, ukudakumira, ukudahengama n'ugutanga icizere ku matora yimirije.

Amatora aheruka muri Congo yabaye mu 2018. Ay'umukuru w'igihugu yatsinzwe na Félix Tshisekedi mu mpari zatumye uwatangajwe ko yatsinzwe, Martin Fayulu, atemera ivyayavuyemwo.